Abagwanyi baharanira reta ya Kislamu batangaje kw'aribo bakoze igitero ca bombe yaturikijwe ku murwa mukuru wa Siriya ejo ku musi wa mbere, kigihitana abantu 17.
Mw’itangazo basohoye kur' uno musi wa kabiri, uwo murwi watangaje kw' ar' abagwayi bawo bakoze ico gitero ku biro vy’igipolisi, biri mu kigwati ca al-Midan, ku murwa mukuru Damas
Umushikiranganji wa Siriya ajejwe intwaro yo hagati, avuga kw’ico gitero cakozwe n’abihevyi babiri.
Umwe muribo yashoboye kwinjira mur’iyo nyubakwa y’igipolisi, yishwe atarashobora guturitsa bombe yiwe.
Facebook Forum