Uko wahagera

Reta ya Kislamu Yishe Abantu 17 muri Siriya


Abagwanyi baharanira reta ya Kislamu batangaje kw'aribo bakoze igitero ca bombe yaturikijwe ku murwa mukuru wa Siriya ejo ku musi wa mbere, kigihitana abantu 17.

Mw’itangazo basohoye kur' uno musi wa kabiri, uwo murwi watangaje kw' ar' abagwayi bawo bakoze ico gitero ku biro vy’igipolisi, biri mu kigwati ca al-Midan, ku murwa mukuru Damas

Umushikiranganji wa Siriya ajejwe intwaro yo hagati, avuga kw’ico gitero cakozwe n’abihevyi babiri.

Umwe muribo yashoboye kwinjira mur’iyo nyubakwa y’igipolisi, yishwe atarashobora guturitsa bombe yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG