Uko wahagera

Abanyamerika Ntibatahura Ubwicanyi bw'i Las Vegas


Las Vegas Shooting
Las Vegas Shooting

Abanyamerika kuva kur’uyu wa mbere baracarondera kumenya icatumye umutama ageze mu zabukuru afata ibikoho bikomeye agacucagira amasasu mu bihumbi vy’abantu bari mu giteramo c’indirimbo, mu gisagara ca Las Vegas, muri reta ya Nevada.

Igiporisi c’inyamiramabi ca FBI caramaze kwamirira kure umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wamaze kuciyitirira, uvuga ko uwo munyamerika w’urukoba rwera w’imyaka 64, azwi kw’izina rya Stephen Craig Paddock, yar’amaze amezi make yinjiye mw’idini rya kiyisilamu.

Abantu 59 barishwe, abandi 527 barakomereka, ibitigeze kuba mur’ico gisagara c’Amerika kizwi cane mu birori vy’inkino no kwinezereza.

Ivyo bitigiri biruta ivy’abapfiriye mu nzu y’ubutambiro mu gisagara ca Orlando muri reta ya Florida mu mwaka wa 2016, aho abantu 49 bahasize ubuzima.

Perezida Donald Trump, mw’ijambo yashikirije kur’uyu wa mbere, ntiyigeze avuga ku kibazo c’abantu bahabwa uburenganzira bwo gutunga inkoho zikomeye n’ic’iterabwoba, ico yavuze gusa n’uguhamagarira Abanyamerika kwiyunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG