Uko wahagera

Impunzi z’Abanyarwanda i Brazzaville Ntizirota Zihunguka


Ikambi y'Impunzi z'Abanyarwanda y'i Kintele mu buraruko bwa Brazzaville (VOA/ Ngouela Ngoussou)
Ikambi y'Impunzi z'Abanyarwanda y'i Kintele mu buraruko bwa Brazzaville (VOA/ Ngouela Ngoussou)

Impunzi z’Abanyarwanda zitarenga cumi n’imwe ku 9200 zizwi n’amategeko muri Congo Brazaville nizo zimaze kugaragaza ko ziteguye guhunguka mu Rwanda. Abandi ntibarota batahuka mu gihugu c’amavuko. Bavuga ko batizeye ubutegetsi bw’I Kigali.

Ama reta ya Congo n’u Rwanda, hamwe na HCR barongeye kwibutsa izo mpunzi ko imisi isigaye iharuye kugira ntibazobe bacitwa impunzi muri Kongo Brazzaville.

Kubw’umushikiranganji wa Congo ajejwe imibano, Antoinette Dinga Dzondo, kuva kw’itariki ya mbere ukwezi kwa mbere, umwaka wa 2018, impunzi zose z’Abanyarwanda zizoba ziri ku butaka bw’ico gihugu zizoba ziharurwa nk’abahaba batagira ivya ngombwa. Avuga ko amategeko ariyo azoca akurikizwa.

Nawe Ambasaderi aserukira u Rwanda muri Congo, Jean Baptiste Habialimana avuga ko reta y’igihugu ciwe yateguye ibikenwe vyose kugira yakire impunzi zitahuka. Avuga kandi ko impunzi zirenga imiriyoni zitatu zimaze gusubira mu gihugu kandi zifashwa n’abategetsi mu gihe baba bariko basubizwa mu zabo.

Ariko kubwa Dr Eric Ndayishimiye, umwe mu mpuzi z’Abanyarwanda baba mur’ico gihugu, avuga ko impunzi nyinshi ziteguye gufata inzira yo mw’ishamba mu gihe hofatwa ingingo yo kubasubiza mu Rwanda ku nguvu.

Iyi nkuru tuyikesha umumenyesha makuru w’Ijwi ry’Amerika I Brazzaville, Ngouela Ngoussou , serevise y’Igifaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG