Uko wahagera

EAC Yafashe Akaruhuko Kadashira?


Abashingamateka ba EAC mu kiringo giherutse
Abashingamateka ba EAC mu kiringo giherutse

Inama nshingamateka igira 4 y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yabwirizwa kuba iriko irakora kuva mu ntango z’ukwezi kwa 6 uyumwaka. Ariko siko biri, kuko igihugu ca Kenya, kimwe muri 6 bigize uwo muryango kitaratora abashingamateka bashasha bagiserukira.

Umwe mu bahoze ari abashingamateka baserukira Uburundi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ari agahombo kanini ku muryango wose wa Afrika y’ubuseruko. Avuga ko iyo nama nshingamateka ari urwego rumwe muzikomeye muri EAC, gutyo ko hari amategeko menshi yabwirizwa kuba yaratowe ariko ataratorwa. Yongerako ko muri kino gihe uwo muryango wari ukeneye ahubwo inzego zikomeye kandi zikora neza kugira ziwunagurire.

Ingingo ya 49 y’itegeko rigenga umuryango wa Afrika y’ubuseruko niyo ivuga neza imirimo irangurwa n’inama nshingamateka y’uwo muryango. Iyo nayo ni gutora amategeko agenga uwo, gutora amafranga uwo muryango ukoresha, gushiraho imigenderanire myiza hagati y’umuryango hamwe n’inama nshingamateka z’ibihugu biwugize.

Harimwo kandi guca hirya no hino ivyegeranyo vy’inzego zitandukanye z’uwo muryango, kuganira no guhanura inama nshikiranganji kuvyokorwa kugira umuryango utere uja imbere, gushiraho imigwi yihuta ku bibazo biba vyihutirwa bibangamiye umuryango hamwe rero no kumenyekanisha ineza y’uwo muryango mu banyagihugu.

Mugihe ivyo bikorwa nka vyose bihagaze, uwo mushingamateka Abigereranya n’imodokari y’amapine 4 yoba iriko iragenda idafise amapine akwiye, kandi iribuze ariry’imbere. Avuga ko bigoye bikiriko kuko Gushika ubu, Amategeko agenga uwo muryango atabihano ategekanya ku gihugu kanaka gitebeje ibikorwa.

Uwujejwe kumenyesha amakuru muriyo nama nshingamateka avuga ko n’ubu biboneka ko ibikorwa bitazotangura vuba kubera amatora atarahera yose muri Kenya. Naho Bobi Odiko atakiringo atanga, yizeye ko ayo matora y’umukuru w’igihugu niyahera gusubirwamwo mu mpera z’uku kwezi kw’10, abashingamateka bo muri Eac bashobora kuzoca batorwa nkuko n’ibindi bihugu arivyo Uburundi, U Rwanda, Tanzaniya, Ubuganda na Sudani y’epfo vyamaze kubarungika.

Mu kwezi kw’8 guheze, uwutwara inama nshikiranganji y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yari yasiguye ko ibihugu vyose bibwirizwa kurindirana mugutanguza ikiringo c’inama nshingamateka. Hon. Alhaj Kirunda Kivejinja asanzwe ari icegera ca kabiri c’umushikiranganji wambere w’igihugu c’Ubuganda.

Kimwe mu bihugu bigize uwu muryango wa EAC, Kenya ntikirashobora gutora abashingamateka 9 bagiserukira. Kandi murabiziko iyo umuryango nk’uyu ushaka guterimbere ntanumwe dusiga inyuma. Ni nk’umugani uvuga ko uwushaka kwiruka neza arijana, ariko uwushaka gushika kure agatera n’imbere ajana n’abandi.

Ikindi nuko mwomenya ko inama nshingamateka hamwe yotangura, umunsi wayo wambere canke inama yambere ari gutora uwuyitwara. Murumva rero ko bose babwirizwa kuba bahari kugira bitorere indongozi yabo y’imyaka 5. Muriki gihe rero ntibikunda ko ivyo bikorwa kuko ibihugu vyose bitoba biserukiwe.

Igihugu ca Sudani y’epho naco nyene caraterereye kugira ivyo bikorwa bidindire kuko cari cahejeje gutora abagiserukira ariko sentare y’uwo muryango isanga hari amategeko atakurikijwe, kanatsinda bari bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Mu nyuma vyabaye ngomwa ko amatora asubirwamwo.

Inama nshingamateka yahejeje ikiringo, yari yashatse gusiga itoye itegeko rivuga ko mugihe habonetse ibihugu nka 5 kuri 6, bitobuza ko ibikorwa birangurwa. Ariko iryo tegeko ryanigiwe mu menshi.

Siryambere iyo nama nshingamateka ya EAC iteba kujaho. Mu mwaka w’2006, nahonyene yaracerewe mu kiringo c’amezi arenga 9. Naho nyene vyari vyatumwe n’igihugu ca Kenya kitari bwatore abagiserukira.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:43 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG