Uko wahagera

Abimukira b'Afurika Bakorerwa Iyicarubozo muri Yemeni


Ibiro vy’ishirahamwe ONU bikwirikirana abimukira bimenyesha kw’abimukira bava mu karere k’ihembe rya Afrika baja mu gihugu ca Yemeni kenshi banyuruzwa, bagafatwa bunyamaswa n’imirwi y’inkozi z’ikibi.

Naho ingwano muri Yemeni yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, yatumye Yemeni igeramirwa n’inzara, abimukira bagera ku bihumbi bitandatu binjira muri ico gihugu uko ukwezi gutashe.

Abo bimukira kenshi bava muri Etiyopiya na Somaliya. Abo bimukira barondera akuja mu bihugu vyo mu kigobe c’Abarabu kurondera akazi.

Baranyuruzwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi mu gihe bashitse muri Yemeni, bagafatwa bunyamaswa kugira batange ingwati.

Mu kwezi kw’umunani, abimukira mirongo itanu bo muri Somaliya na Etiyopiya barasomye nturi mu mazi hafi ya Yemeni bikozwe n’impaka n’imirwi y’inkozi z’ikibi.

Mu kwezi kwa gatatu indege ya kajugujugu yararashe ku bwato bwari butwaye abantu ijana na mirongo ine mu mazi yo mw’ibahari hafi ya Yemeni. Abantu 42 barishwe mu gihe abandi 34 bakomeretse.

Amakuru atemejwe ku buryo bwigenga amenyesha ko benshi muribo bar’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG