Uko wahagera

Ubulaya Bwamaganye Referandumu ya Catalonye muri Esipanye


Urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, rwatangaje ko referandumu ku kwikukira kw’intara ya Catalonye mu gihugu ca Espanye, yabaye ku musi w’Imana idaciye mu mategeko. Yamara urwo rwego rwasavye Reta ya Espanye kugira ibiganiro n’iyo ntara.

Umuvugizi w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya, yatangaje uno musi ku wa mbere kw’inguvu z’umurengera zidategerezwa gukoreshwa muri politike.

Urwo rwego rwamenyesheje kuri Twitter, kw’ibi ar’ibihe vy’ukwerekana ubumwe n’umutekano, kw’atar’ibihe vy’amacakubiri n’ukwicamwo ibice.

Abategetsi mu ntara ya Catalonye bamenyesha kw’abantu bagera ku majana icenda bakomeretse igihe igipolisi cagerageza kubuza abantu gutora.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo inyuma yuko amatora arangiye, perezida w’intara ya Catalonye, Carles Puigdemont, yatangaje kw’iyo ntara yatsindiye uburenganzira bw’ukwikukira. Yasavye umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya kutirengagiza ivyipfuzo vy’abanyagihugu b'iyo ntara. Yamara Reta y’igihugu ca Espanye siko ibibona.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Espanye, Rafael Catala yatangaje, uno musi ku wa mbere, ko Reta y’igihugu ciwe izokora ibishoboka vyose birekuriwe n’amategeko kugira ibuze intara ya Catalonye gutangaza ukwikukira kwayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG