Uko wahagera

Igipolisi mu gihugu ca Kenya carashe imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mu myiyerekano bariko basaba kw’abategetsi b’urwego rujejwe gutunganya amatora mu gihugu birukanwa mu mabanya yabo. Abari mu myiyerekano babagiriza ku mahinyu yabaye mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba muri Kenya.

Imyiyerekano yabereye ku murwa mukuru, Nairobi uno musi ku wa mbere, no mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bw’igihugu.

Umuvugizi mu biro vya perezida, yamenyesheje ko Reta aitazohindura abagize urwego rw’igihugu rujejwe gutuganya amatora. Iyo ngingo yashavuje abatavuga rumwe na Reta bavuga kw’urwo rwego rwakoze ivyaha, ko benhsi mu barugize bakwiye kutabwa mu mvuto.

Mu kwezi guheze sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya yarafuse amatora y’umukuru w’igihugu yatsinzwe na Uhuru Kenyatta. Iyo sentare yasavye amatora mashasha.

Umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe na Reta, Raila Odinga yabandanije kunabagura urwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora.

Raila Odinga na Uhuru Kenyatta bazohangana kandi mu matora y’umukuru w’igihugu azoba kw’italiki 26 z’ukwezi kw’icumi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG