Uko wahagera

USA: Abantu 58 Bishwe mu Gisagara ca Las Vegas


Polisi ya Las Vegas itabaye

Igipolisi mu gisagara ca Las Vegas, muri Reta ya Nevada kimenyesha kw’umuntu yarashe abantu bari mu giteramo c’umuziki ku muhingamo wo ku musi w’Imana yahitanye abantu mirongo itanu n'umunane, akomeretsa abandi amajana atanu na cumi na batanu.

Nico gitero gihitanye igitigiri kinini cane c’abantu mu mateka ya Amerika.

Umukuru w’igipolisi co mu gisagara ca Las Vegas, Joseph Lombardo yabwiye abamenyeshamakuru kw’uwagize ico gitero, umuzungu azwi kw’izina rya Stephen Paddock afise imyaka mirongo itandatu n’ine, yari kuri etage ya mirongo itatu na kabiri mu nyubakwa ikinirwamwo akamari yitwa, Mandalay Bay.

Iyo nyubakwa irabana n’ikibanza igiteramo c’umuziki wa country abari baje kukirorera barenga ibihumbi mirongo ibiri na biriri barasiwemwo.

Abapolisi binjiye mu cumba c’ihoteri y’uwagize ico gitero basanga yapfuye.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Las Vegas, Joseph Lombardo avuga ko bemera ko Paddock yiyishe ubwiwe. Igipolisi catoye ibirwanisho bitari bike mu cumba ciwe c’ihoteri.

Igipolisi kivuga ko Stephen yakoze ubwo bwicanyi,ari wenyene. Gifise imigambi y’ugusaka inzu yiwe. Igipolisi kirirko kandi kirondera umupfasoni avurwa ko yabana na Paddock kugira kironke amakuru kurushiriza kuri Stephen.

Yamara mu nyuma, igipolisi camenyeshaje ko kitagikeneye uwo mupfasoni kubera Paddock ariwe muntu wenyene yikekwa mur'ico gitero co ku musi w’Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG