Uko wahagera

Abishwe na Nyamugigima muri Mexique Bageze ku 361


Abajejwe gutabara babandanya ibikorwa vyo kurondera abapfuye muri Mexique
Abajejwe gutabara babandanya ibikorwa vyo kurondera abapfuye muri Mexique

Ibitigiri vy’abapfuye muri nyamugigima ihitiye muri Mexique vyashitse ku bantu 361 inyuma y’aho ikindi kiziga gitorewe ku murwa mukuru Mexico mu bisigarira vy’amagorofa yabomotse kur’uyu w’Imana.

Mu gihe ibikorwa vyo kurondera abapfuye no gusukura igisagara bikibandanya, ibiharuro vy’abapfuye vyabandanije biduga inyuma y’indwi zababa zibiri iyo nyamugigima ibaye, hari kw’itariki 19 z’ukwezi kw’icenda.

Umukuru w’igisagara ca Mexico, Miguel Angel Mancera avuga ko abantu umunani babuzwe irengero, bibaza ko boba bari mu bibomoke vy’imwe mu magorofa 38 yabomotse mur’ico gisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG