Igiporisi co muri Canada carafashe umugabo afise amamuko muri Somaliya yagonze umuporisi n’imodoka, hanze y’ikibuga c’umupira w’amaguru mu gisagara ca Edmonton ahejeje aca aja kumucumagura n’imbugita, imbere yuko ahunga.
Uwo mugabo nyene mu nyuma, akoresheje iyindi modokari yaciye agonga abantu bane bariko bagenda n'amaguru mu gihe igiporisi cariko kiramwiruka inyuma ku musi wa gatandatu.
Abo bagonzwe uko ari batanu bari mu bitaro kandi uko bamerewe ntikwamenyeshejwe.
Igiporisi co muri Canada cavuze ko uwo munya Somaliya yariko asaba ubuhungiro aho muri canada. Kivuga kandi ko mu mwaka w’2015 yabajijwe n’igiporisi aho camwikeka ko agendera ku vyiyumviro vy’umuhari wa reta ya Kiyisilamu, ariko mu nyuma yahavuye arekurwa.
Abategetsi bavuga ko bisa nuko iki gitero yagikoze ku gatwe kiwe.
Facebook Forum