Uko wahagera

ISIS Wishe Abagore 2 mu Bufaransa


Abaporisi batohoza ahiciwe abagore babiri mu gisagara ca Marseille mu bumanuko bw'Ubufaransa.
Abaporisi batohoza ahiciwe abagore babiri mu gisagara ca Marseille mu bumanuko bw'Ubufaransa.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu uremanga ko ari wo wakoze igisa n’igitero c’iterabwoba aho abagore babiri bishwe bacumiswe imbugita ku gituro ca gariyamoshi mu gisagara ca Marseille, mu Bufaransa kur’uyu w’Imana.

Ivyo uwo muhari wabitangaje ubucishije ku rubuga rwawo ngurukana bumenyi, rwa internet utangirako amakuru.

Abategetsi b’Ubufaransa bavuga ko umugabo yakoze ubwo bwicanyi yasemerera avuga "Allahu Akbar,” bisigura (Imana ni nkuru) imbere yuko araswa akicwa n’abasirikare b’Ubufaransa.

Yaba uwo yagavye ico gitero canke abo cahitanye, nta myidondora yabo yatanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG