Uko wahagera

Abahinga 3 ba ISIS Barishwe muri Siriya


Kolonel Ryan Dillon, avugira inteko mvamakungu muri Siriya na Iraki
Kolonel Ryan Dillon, avugira inteko mvamakungu muri Siriya na Iraki

Abasirikare mvamakungu bariko baratuza abarwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu muri Iraki na Siriya batangaje kur’uyu wa kane ko bishe abahinga batatu mur’abo bakora iterabwoba bari bafise ubuhinga mu vy’indege za drone muri Siriya.

Umuvugizi w’abo basirikare mpuzamakungu, Koloneri Ryan Dillon, yatangaje ko umurwanyi Abu Muadh al-Tunisi, Sajid Farooq Babar na Abu Salman bose bishwe mur’uku kwezi kw’icenda muri Siriya.

Abo barwanyi bari bafise ubuhinga bwo guhindura drone zakorewe gukoreshwa mu rudandaza bakazihindura iz’intambara.

Koloneri Dillon avuga ko kwambura ISIS abo bahinga ar’agahombo gakomeye kur’uwo muhari kuko izo ndege bazikoresha mu bikorwa vyo kugendereza abasirikare b’inteko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG