Uko wahagera

Putin ba Erdogan Biyemeza Kugarukana Amahoro muri Siriya


Putin na Erdogan baramukanya aho bari mu mubonana i Ankara, muri Turukiya.

Abakuru b’ibihugu vy’Uburusiya, Vladimir Poutine n’uwa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan barumvikanye kur’uyu wa kane ko bagiye gukomeza imigenderanire kugira bashobore kugarukana amahoro muri Siriya.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kubonana na mugenzi we, I Ankara ku murwa mukuru wa Turukiya, Perezida Putin yavuze ko bemeranije ko ari ngombwa ko intambara imaze guhitana ibihumbi amajana kuva mu mwaka w’2011 muri Siriya ihagarara.

Putin avuga ko ibikenewe vyose biriho kugira birukane imihari ikora iterabwoba kandi bagarukane amahoro n’umutekano mu Banyesiriya.

Turukiya n’Uburusiya bisanzwe bishigikiye imirwi y’abarwanyi idacana uwaka muri Siriya, vyashimye gushira haruhande ibibatandukanya kugira birukane imirwi ikora iterabwoba kandi bagarukane amahoro, batorere umuti intambara mur’ico gihugu

Urugendo rwa Vladimir Poutine muri Turukiya rubaye haheze indwi zibiri gusa Perezida Erdogan atangaje ko basinyiraniye n’Uburusiya amasezerano yo kugura ibirwanisho bicungera ikirere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG