Uko wahagera

Reta ya RDC Iremeza ko Igenzura Uvira


Uruja n'uruza rwasubiye uko rwahora mu gisagara ca Uvira(VOA/Ernest Muhero).
Uruja n'uruza rwasubiye uko rwahora mu gisagara ca Uvira(VOA/Ernest Muhero).

Reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo yatangaje kur’uyu wa kane ko yirukanye abarwanyi bose b’aba Mai Mai mu gisagara ca Uvira, gihana urubibe n’Uburundi mu ruhande rw’ubuseruko, aho mu gitondo c’uyu wa kane habareye ugutana mu mitwe hagati y’abasirikare ba Reta n’abo barwanyi.

Ivyo vyashikirijwe na Lambert Mende, avugira reta ya Kongo, yongerako ko kuva ku muhingamwo wo kuwa kane bariko barondera aba Mai Mai bose aho binyegeje.

Nawe kapitene Dieudonné Kasereka, umwe mu bavugira igisirikare ca reta mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, avuga ko igisirikare carashe ubwato bubiri bwarimwo abo barwanyi mu gihe bariko bagerageza kwegereza ikivuko ca Uvira.

Uwundi yemeza ko umutekano wagarutse ni musenyeri Sébastien Muyengo wa Ekleziya katolika I Uvira, avuga ko yasohotse hanze araganira n’abanyagihugu mu kiringo c’amasaha ane ata rwamo rw’amasasu rukivuga.

Intandaro y’iyo ntambara, Mu karere ka Fizi kegereye Uvira, umusirikare yahoze ari intwazangabo mu gisirikare ca Kongo, William Yakutumba niwe yatangaje ku musi wa mbere ko yashinze umurwi w’abarwanyi ugamije gukura Perezida Joseph Kabila ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG