Uko wahagera

Amerika Yagabanije Impunzi Izokwakira muri 2018


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Reta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko igiye kugabanya ibitigiri vy’impunzi yakira buri mwaka, aho uyu mwaka w’amafaranga reta itegekanya gukoresha yashize kuzokwakira impunzi zishika ku bihumbi 45,000. Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatatu n’abategetsi bakomeye b’Amerika.

Iyi ngingo ntiyakiriwe neza n’amashirahamwe afasha impunzi kandi izotuma abakozi b’Abanyamerika baharurwa mu bihumbi bakora mur’ico gisata baba abakorera muri Amerika canke mu mahanga batakaza ubuzi.

Mu kiringo c’amezi icenda amaze ashikiriye ubutegetsi, perezida Trump yarahagaritse umugambi wo kuzana impunzi ibihumbi 110 zari zitegekanijwe kwakirwa mu mezi cumi n’abiri aheze.

Umugabane w’Afrika wemerewe impunzi ibihumbi 19, hagakurikira Aziya y’ubumanuko yemerewe ibihumbi 17, Aziya y’ubuseruko ibihumbi 5, Uburayi na Aziya yo hagati bishizwe hamwe ibihumbi 2, nayo igice c’Amerika y’epfo n’amazinga ya Karayibe vyemerewe impunzi 1500.

"Umutekano w’Abanyamerika niwo uza imbere ya vyose kandi twizeye ko ubu abo dukeka ko bashobora guhungabanya umutekano wacu ntibazokwakirwa”, ivyo vyashikirijwe n’umwe mu bo muri reta y’Amerika.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kuva kera camye kiza imbere mu bihugu vyakira impunzi nyinshi zahunze ibihugu vyazo kubw’umutekano kandi zidashobora no gusubirayo kw’iyo mvo nyene.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR, gitegekanya ko mu mwaka wa 2017 impunzi zishika umuriyoni 1.2 arizo zizokenera ibihugu bibakira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG