Uko wahagera

Nijeriya Kigiye Guhindura Bimwe mu Butunzi


Ububiko bw'ibitoro i Lagos, Nijeriya.

Igihugu ca Nijeriya kimenyesha ko kigiye kuva mu mashirahamwe mpuzamakungu ashika kuri 90 kugira kibashe kuziganya amafaranga reta ikoresha na nyaburya amafaranga cakura mu bitoro yagabanutse.

Ivyo vyashikirijwe na Kemi Adeosun, umushikiranganji w’ikigenga ca reta wa Nijeriya kur’uyu wa gatatu.

Adeosun, yasiguye avuga ko ubu Nijeriya kiri mu mashirahamwe aharurwa mu majana aho buri mwaka gitanga intererano ishika ku miriyoni 70 z’amadorari y'abanyamerika kandi kikaba kitanakibasha kuyariha ku gihe.

Umushikiranganji Adeosun avuga ko igihugu ciwe cigeze kuba ica mbere gitunze ku mugabane wa Afrika, hageze aho cisuganya kigatunganya ukundi gusha ingene gikoresha amafaranga ya reta.

Nijeriya nico gihugu kiza ubwa mbere mu kwimbura ibitoro muri Afrika, ariko bivanye nuko ibiciro vyavyo vyagabanutse kw’isoko mpuzamakungu, ari naho hari amizero ya reta mu mafaranga ikoresha, uwo mushikiranganji avuga ko hakwiye gufatwa izindi ngingo.

Perezida Muhammadu Buhari, yihaye intumbero ya mbere kurwanya ibituriro, yavuze ko yashikiriye igihugu ikigega ca reta carasahuwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG