Uko wahagera

Al Shabab Irinjiza Abana mu Gisilikari


Abarwanyi b’umurwi w’intagondwa al-Shabab batanguye ibisa n’igikorwa c’ukwinjiza abarwanyi ku nguvu mu ntara za Bay na Bakool mu bumanuko bushira uburengero bw Somaliya.

Al-Shabab yigaruriye ibice bitari bike muri izo ntara zibiri, iriko iremera abategetsi bo mur’ivyo bice kubona kw’imikangara yaho yinjiye muri uwo murwi. Ivyo bitangazwa na bulamatari w’intara ya Bay, Ali Wardhere Doyow.

Yabwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali, kabarwanyi ba al-Shabab bagiranye inama inararibonye ziserukira miryango, bababwira gukwiza ibitigiri vy’imikangara bashaka kwinjiza ivuye muri iyo miryango.

Doyow avuga kw’imiryango myinshi n’abana b’iyo miryango bavuye mu mihana babamwo bahungira mu bisagara binini mu ntara ya Bay, harimwo ibisagara vya Baidoa, Dinsor na Bardale. Abana bari hagati y’imyaka icenda n’imyaka cumi n’umunani bavurwa ko bahunze ibice biri mu minwe ya al-Shabab mu ntara za Bay na Bakool mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye.

Al-Shabab ivugwa ko irondera imiryango ifise abana b’abahungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG