Uko wahagera

Kenya: Imyiyerekano Isaba Ikurwa ry'Abagize Umurwi w'Amatora


Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi i Nairobi muri Kenya mu myiyerekano isaba gukura abagize umurwi utunganya amatora
Abatavuga rumwe n'Ubutegetsi i Nairobi muri Kenya mu myiyerekano isaba gukura abagize umurwi utunganya amatora

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Kenya kur’uyu wa kabiri baragize imyiyerekano hanze y’inyubakwa ikoreramwo umurwi ujejwe gutunganya amatora basaba abawugize gusubirizwa n’abandi bashasha bazotunganya ayandi matora ategekanijwe kw’itariki ya 26 y’ukwezi kw’icumi kuza.

Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko bazotoba ayo matora mu gihe yogera ata kirahinduka mu bagize uwo murwi, nayo umugambwe uri ku butegetsi wo uvuga iryo ari iterabwoba.

Umukuru w’urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Raila Odinga ahiganwa na perezida Uburu Kenyatta we asaba ko n’umukuru w’uwo murwi, Erza Chiloba atanga imihoho ariko Chilabo yaravyanse.

Imbere yuko iyo myiyerekano yo kuwa kabiri iba, John Mbadi, arongoye umugambwe Orange Democratic Movement party wa Odinga yavuze ko perezida Uhuru Kenyatta yatse Odinga abamucungerera umutekano.

Mbandi yahaye ubutegetsi amasaha 24 kugira basubize Odinga abamucungerera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG