Uko wahagera

Abantu bashika babiri barishwe abandi batanu barakomereka mu gitero cakozwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho mu gisagara ca Bocaranga, kiri mu buraruko bushira uburengero bwa Centrafrika.

Amakuru yatangajwe kur’uyu wa kabiri n’abajejwe umutekano hamwe n’abagira neza avuga ko abantu bashika ibihumbi 23 bahunze ibisagara bibiri vya Bocaranga na Niem, bihana urubibe n’igihugu ca Kameruni mur’ivyo bitero vyabaye ku musi wa gatandatu.

Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, OCHA bitangaza ko abo banyagihugu bahungiye mu mashamba aho ata na kimwe bafise kibafasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG