Uko wahagera

Trump: Amerika Iriteguye Gutera Koreya ya Ruguru


Perezida w'Amerika Donald Trump
Perezida w'Amerika Donald Trump

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kabiri yatangaje ko Amerika yiteguye bikwiye gukoresha inguvu za gisirikare mu guhangana na Koreya ya ruguru.

Trump yagiz’ati "Turiteguriye gukoresha umukenyuro ugira kabiri, naho atari wo twari twipfuza, ariko uzotikiza inganda, uzotikiza Koreya ya ruguru”.

Ivyo yabivugiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kur'uyu wa kabiri ari kumwe n’umushikiranganji wa mbere wa Espanye Mariano Rajoy kuri White house.

Yashimiye ibihugu nka Espanye n’Ubushinwa ku ntambuko vyakoze mu guharira ivomo ubutegetsi bwa Koreya ya ruguru.

Trump asaba amakungu yose guhagurukira rimwe agahagarika umugambi wa Koreya ya ruguru wo gukora ibirwanisho ruhonya nganda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG