Uko wahagera

Katumbi Ahamagarira Imyiyerekano Kabila Atavuye ku Butegetsi


Moise Katumbi, yahoze ari buramatari muri republika iharanira demokarasi ya kongo

Moïse Katumbi, umwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya kongo, yatangaje kur’uyu wa kabiri ko azogomorera Abanyekongo mu myiyerekano mu gihe perezida Joseph Kabila atova ku butegetsi kandi no mu gihe atotunganya amatora imbere y’itariki ya 31 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ivyo yabitangarije kuri televiziyo y’Abafaransa, France 24 kur’uyu wa kabiri.

Amenyesha ko iyo tariki igeze ata kiraba hazoca hashingwa reta mfatakibanza itarimwo Kabila.

Katumbi avuga kandi ko mu gihe Kabila yokwemera kuva ku butegetsi mu mahoro, atawuzomukurikirana, azoca aba umukenguzamateka ubuzima bwiwe bwose canke yikorere iyindi mirimo yiwe.

Katumbi yahoze ari soma mbike na perezida Kabila kandi yarabaye buramatari w’intara ya Katanga, ubu akaba aba mu Bubirigi no mu Bufaransa kandi atangaza ko ariko yitegura gutaha mu gihugu.

Republika iharanira demokarasi ya Kongo iri mu ruhagarara rwa politike rwatewe n’iguma ku butegetsi rya Joseph Kabila inyuma y’aho ikiringo ciwe ca kabiri co kurongora igihugu caheranye n’itariki ya 20 y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG