Uko wahagera

FBI: Ubwicanyi Bubandanya Kwiyongera muri Amerika


Icicaro ca FBI i Washington DC
Icicaro ca FBI i Washington DC

Ubugizi bwa nabi burimwo n’ubwicanyi bwariyongereye ku ncuro ya kabiri muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mwaka uheze.

Ibiharuro vyatohojwe mu biro vy’ibiporisi muri Amerika yose vyerekana ko ubwicanyi bwiyongereye ku bice 4.1 kw’ijana mu mwaka w’2016, mu gihe mu mwaka w’imbere y’aho wa 2015 bwari bwiyongereye ku bice 3.3 kw’ijana.

Ivyo bigaragara muri raporo y’umwaka y’ibiro FBI bijejwe gutohoza ivyaha. FBI imenyesha ko hafi ivyaha vyababa umuriyoni n’ibice 25 arivyo vyakozwe mu mwaka uheze muri Amerika. Abanyamerika ibihumbi 17,250 barishwe umwaka uheze.

Raporo ya buri mwaka ya FBI yisunga ibiharuro bitangwa n’ibiro vya porisi vyose biri muri Amerika hamwe n’ibindi bisata bijejwe kwubahiriza amategeko. Ivyo biharuro vyerekana kandi ko no mur’uyu mwaka wa 2017 ubwicanyi bubandanya bwiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG