Uko wahagera

Sudani Yashimishijwe no Kutibona Ku Rutonde Rw'Abazitiwe Kwinjira Muri USA


Perezida Donald Trump yakuye Sudani ku rutonde rw'ibihugu bizitirwa kwinjira muri Leta zunze ubumwe z'Amerika

Igihugu ca Sudani catangaje ko kizokwongereza utwigoro tw’ugusubira kugiriranira imigenderanire myiza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo inyuma yuko abategetsi ba Reta ya Amerika bakuye Sudani ku rutonde rw’ibihugu abanyagihugu bavyo baziririjwe kwinjira ku butaka bwa Amerika.

Prezida wa Amerika, Donald Trump yafashe ingingo y’ugukura Sudani kur’urwo rutonde imbere y’ingingo yo kw’italiki 12 z’ukwezi kw’icumi aho bitegekanijwe kw’afata ingingo nimba yokuraho burundu ibihano vy’ubutunzi bimaze imyaka cumi Amerika yafaityye ico gihugu.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Sudani bwamenyesheje kw’ingingo ya Perezida Trump ar’intambwe ikomeye mu migenderanire hagati ya Amerika na Sudani.

Ubwo bushikiranganji butangaza kw’ivyo vyabaye kubera ibiganiro vyamaze igihe n’ugukorana kwateye kwiyongera hagati ya Amerika na Sudani ku bibazo vyerekeye akarere n’amakungu.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko Sudani izokwongereza utwigoro twayo kugira ikureho inzitizi zose zishobora kugeramira ukugenda neza kw’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG