Uko wahagera

Angela Merkel yaratsinze ikiringo kigira kane mu mabanga ya Chanceliere w’Ubudagi. Yamara umugambwe wiwe uri ku butegetsi, Christian Democratic Union waronse amajwi ari musi y’ay’ari yitezwe.

Umugambwe urwanya abimukira, AfD waronse amajwi arengeye ayo abantu bari biteze.

Ivyavuye mu matora vyatangajwe icese vyerekana kw’umugambwe wa Merkel, n’uwundi mugambwe bicuditse, Christian Social Union vyaronse ibice 33 kw’ijana vy’amajwi. Angela Merkel niwe abaye umwe mu ba Chanceliere batatu batowe mu kiringo kigira kane mu Budagi mu kiringo c’inyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Abakwirikirana ibintu bari biteze kw’imigambwe, Christian Democratic Union na Christian Social Union itsinda hagati y’ibice 36 na 39 kw’ijana vy’amajwi.

Inyuma y’intsinzi yiwe, Angela Merkel yatangaje ko barwaniye ukubaho neza kw’abadagi.

Umugambwe AfD waronse cumi na bibiri n’ibice bitandatu kw’ijana vy’amajwi. N’ubwa mbere umugambwe urwanya abimukira winjira mu nama nshingamateka y’Ubudagi kuva amu gihe c’aba Nazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG