Uko wahagera

Umukuru wa Pentagone Arahanura Koreya ya Ruguru


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jim Mattis yatangaje uno musi ku wa mbere ko niyo Koreya ya ruguru yegerageza ikirwanisho rihonyanganda gikomeye bita, “bombe a hydrogene” mu rurimi rw’igifransa, ico gihugu kizoba cerekanye kw’ataco cubaha na gato.

Mattis avuga kw’ivyo vyokwerekana ko Koreya ya ruguru itubaha na gato ubuzima n’umutekano w’abantu baba kw’isi.

Ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Koreya ya ruguru, Ri Yong-ho yatangaje kw’igihugu ciwe gishobora kugerageza ikirwanisho ruhonyanganda gikomeye cane hejuru y’ibahari Pasifike.

Ivyo vyakwirikiye ibitutsi n’amajambo akarishe perezida wa Amerika, Donald Trump yateranye n’umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG