Abanyagihugu bamuka mu bihugu 8 nibo bagiye gufatwa n’itegeko rishasha ryasubiwemwo ribabuza kwinjira muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ryateweko umukono na perezida Donald Trump kur’uyu w’Imana.
Iryo tegeko rizotangura kuja mu ngiro kw’itariki ya 18 z’ukwezi kwa cumi kuza, ryerekeye abanyagihugu bo muri Chad, Irani, Libiya, Koreya ya ruguru, Somaliya, Siriya, Venezuela na Yemeni.
Abategetsi b’Amerika bavuga ko ibi bihugu vyahakanye guhanahana amakuru na Amerika yerekeye iterabwoba n’ibindi bibazo vy’umutekano.
Iryo tangazo ryasohowe ku muhingamo wo kur’uyu w’Imana rije mu gihe iryahahora ryari ryafatiwe ibihugu 6 birwiriyemwo Abayisilamu ikiringo ryari ryahawe c’imisi 90 cariko kirarangira.
Iri tegeko rishasha ryongewemwo ibihugu vya Koreya ya ruguru, Venezuela na Chad rikurwamo Sudani yari yashizwe mu rya mbere.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International ryaneguye iri tegeko.
Facebook Forum