Uko wahagera

Abasirikare Bashika 3 ba ONU Barishwe muri Mali


Abasirikare ba MINUSMA muri Mali batwaye ibiziga vya Bagenzi babo bishwe mu gitero.
Abasirikare ba MINUSMA muri Mali batwaye ibiziga vya Bagenzi babo bishwe mu gitero.

Abasirikare bashika kuri batatu ba MINUSMA, b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiye kubungabunga amahoro n’umutekano muri Mali barishwe mu buraruko bw’ico gihugu ku musi w’Imana. Ivyo vayshikirijwe n’izo nteko nyene.

MINUSMA yatangaje ko imodoka yarimwo abasirikare bayo bamuka mu gihugu ca Bangladesh yaciye ku gisasu cari gitezwe mw’ibarabara rihuza igisagara ca Gao n’imihana yo mu karere ka Anefis. Ico gitero cakomerekeje abandi basirikare batanu.

Nta muhari uriyitirira ico gitero, ariko gisa n’ibindi vyakozwe n’umuhari w’iterabwoba wa al-Qaida mur’ako karere.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yaneguye ico gitero mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi wiwe, Stéphane Dujarric kur’uyu w’Imana.

Abasirikare ba MINUSMA barenga 100 nibo gushik’ubu bamaze gupfira muri Mali, igihugu kiza ubwa mbere mu gutakaza abasirikare benshi mu mirwi 16 ya ONU ikwiragiye k’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG