Uko wahagera

Umwe Yarishwe 7 Barakomereka Barashwe Muri Tennessee


Ahabereye ubwicanyi muri Tennessee.
Ahabereye ubwicanyi muri Tennessee.

Umugabo yitwaje inkoho ku musi w’Imana yararashe kumvo zitaramenyekana mu rusengero ruri mu gisagara ca Nashville, muri reta ya Tenessee, mu bumanuko bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika yica umugore umwe akomeretsa abandi bantu indwi.

Umuvugizi w’igiporisi co mur’ico gisagara, Don Aaron, yabwiye abamenyeshamakuru ko umugabo w’umwirabure w’imyaka 26 y’amavuko, yashitse ku rwinjiriro rw’urwo rusengero ari mu modoka, ubwo nyene aca arasa uwo mukenyezi asohotse.

Mu nyuma yaciye yinjira mur’urwo rusengero rwarimwo abashika 50 aca arasa amasasu menshi akomeretsa abantu batandatu, imbere yuko yitumberezako inkoho ngo yirase ariko ntivyakunda ko yiyica arikomeretsa.

Igiporisi nticashimye gutanga umwidondoro wiwe imbere yuko gitangura amatohoza ariko cavuze ko ata na kimwe cerekana isano hagati y’uwarashe n’iryo shengero canke abanywanyi baryo.

Ubwicanyi nk’ubwo bukoreshwa inkoho bwama bwabaye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho kwitwaza inkoho birekuwe n’ibwirizwa shingiro.

Mwibuke ko mu kwezi kwa gatandatu 2015, Dylann Roof, umusore w’urukoba rwera yishe abantu icenda bari mu rusengero rw’abirabure mu gisagara ca Charleston, muri reta ya Caroline y’ubumanuko, mu nyuma acirwa urwo gupfa mu kwezi kwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG