Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Igabisha Gutera Bombe Ihumanya


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yise umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un umusazi inyuma yuko uwo atangaje kw’ashobora gukerageza mw’ibahari Pasifike bombe ikomeye cane y'ubumara buhumanya (bombe a hydrogene mu rurimi rw’igifransa).

Ivyo Kim Jong Un yabitangaje inyuma yuko agabishije ko niyo Prezida Trump yakoresha amajambo akarishe nawe azobigenza nkuko, kandi ko ukw’azofatira ibihano bishasha igihugu ciwe ariko nawe azofata ingingo z’agasomborotso.

Perezida Trump yishuye, uno musi ku wa gatanu, ku vyatangajwe na Kim Jong Un mu gukoresha amajambo akarishe ku rubuga Twitter.

Perezida Trump yavuze ko bigaragara ko Kim Jong Un ar’umusazi kwicisha inzara abanyagihugu biwe ataco bimubwiye. Yatangaje kw’azokwibonerako mu buryo bitari bwigere biba imbere yaho.

Yamara amajambo akarishe ya Perezida Trump n’ingingo z’agasomborotso za Koreya ya ruguru bishobora kuba ar’uburyo ku mpande zose bw’ukuzoba zihagaze neza mu gihe hazogera ibiganiro hagati yazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG