Uko wahagera

ONU Yagiriza ISIS Ihonyabwoko Muri Iraki


Abarwanyi ba ISIS
Abarwanyi ba ISIS

Inama ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yaremeje ata n’umwe avuyemwo gushinga umurwi w’abahinga uzotohoza ubwicanyi bwakozwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Iraki, bamwe mbere babona ko ar’ivyaha vyo mu ntambara n’ihonyabwoko.

Ubwongereza bwateguye ico cemezo bwavuze ko uwo murwi uzoba ar’akaryo ko gutunganiriza abahohotewe n’uwo muhari w’iterabwoba.

Gushik’ubu, abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bafashanya n’aba Iraki barirukanye ISIS mu bice yari yifatiye, bigarurira uturere turimwo ibisagara bikomeye, ariko uwo muhari uracagenzura uduce tumwe tumwe muri Iraki no muri Siriya.

Abanyagihugu baharurwa mu bihumbi bo mu bwoko bw’aba Yazidis nibo ONU ivuga ko bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakozwe n’uwo muhari mu mwaka w’2014 mu ntara ya Sinjar.

Abahinga ba ONU baratohoje ivyaha vy’agahomerabunwa vyakorewe abagore n’abigeme, gushik’ubu abashika 3000 baracari mu vyara vya ISIS.

Ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu, Human Rights Watch rirashima ico cemezo ariko rinegura ko gikora ku ruhande rumwe mu berwa n’intambara muri Iraki. Rivuga ko amakungu adakwiye kwirengagiza n’ubwicanyi bukorwa n’abasirikare ba Iraki hamwe n’abasirikare mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG