Uko wahagera

Itariki y'Amatora muri Kenya Yungurujwe ku wa 26 Uza


Uhuru Kenyatta na Raila Odinga

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya yar’atagekanijwe kw’itariki 17 z’ukwezi kw’icumi, umwaka w'2017, inyuma y’aho ateshejwe agaciro na sentare ntahinyuzwa yungururijwe kw’itariki ya 26 z’uko kwezi kwa cumi nyene.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, waneguwe n’iyo sentare niwo watangaje iyo tariki nshasha kur’uyu wa kane, uvuga ko ukeneye umwanya ukwiye wo kwitegura kugira uzotunganye amatora akwije ivyasabwe na sentare ntahinyuzwa.

Iryo tangazo rihindura isango ry’amatora ryashikirijwe mu mwanya nyeye Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta yariko ashikiriza ijambo mu nama ya ONU, aho yongeye kuvuga ko sentare nkuru y’igihugu ciwe yasenyuye urwego rw’ubutungane.

Yavuze ko iyo sentare itegerezwa kuzokwisigura kubanyakenya, avuga kandi ko yamurenganje. Ivyo vyose yabivuga atazi ko itariki nshasha y’amatora iza yahinduwe.

Kenyatta yashikirije abandi bakuru b’ibihugu bagenzi we muri ONU ko reta yiwe iza yaramaze kwemeza imiriyoni 81 z’amafaranga y’Abanyabulaya akenewe mw’itunganwa ry’ayo matora, inama nshingamateka igahamagarirwa kuyemeze ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG