Uko wahagera

Ibihano Bishasha Kuri Koreya ya Ruguru


Perezida Donald Trump mu mubonano mugenzi we wa Koreya y'epfo, Moon Jae-in, Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe n'abandi i New york.
Perezida Donald Trump mu mubonano mugenzi we wa Koreya y'epfo, Moon Jae-in, Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe n'abandi i New york.

Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kane, yaratandukanije Koreya ya ruguru n’amakungu muvy’ubutunzi, mu kubuza amabanki kutongera gukorana naco.

Umushikiranganji w’ubutunzi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Steve Mnuchin yasavye amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’ubutunzi ko nimba agomba gukorana n’Amerika, ategerezwa kuvavanura na Koreya ya ruguru.

Iryo tegeko rishasha ry’ibihano rizoha ububasha Amerika bwo guhagarika ubutunzi bw’uwo wese akorana na Koreya ya ruguru mu rudandazwa rwaba urw’impuzu, amafi, itumatumanako, ubuhinga bwa none, hamwe n’amahinguriro.

Uwo mushikiranganji yatangaje ko Koreya ya ruguru imaze igihe kitari gito ikengera ibihano yafatiwe kandi ibandanya ikoresha amahera y’amabanki mpuzamakungu mu gukora ibirwanisho ruhonya nganda.

Mu nteguro reta ya Trump yarungikiye inama nshingamateka harimwo kandi ko indege zose canke ubwato buzoba bwagiye mur’ico gihugu butazokwemerwa kwinjira muri Amerika mu kiringo c’amezi atandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG