Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki, Haider al-Abadi yatangaje uno musi ku wa kane kw’inteko za Reta zatanguye igitero kigenewe gusubira kwigarurira igisagara ca Hawija. Ni kimwe mu bice vya nyuma mu gihugu ca Iraki bikiri minwe y’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu.
Igisagara ca Hawija kiri ku bilometero amajana abiri na mirongo ine mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Iraki, Bagdad, mu burengero bw’igisagara gitunze ibitoro ca Kirkuk.
Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bigaruriye igisagara ca Hawija kuva mu mwaka w’i 2014, igihe bafata ibice bitari bike mu buraruko no mu burengero bwa Iraki.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza kw’abasivile barenga ibihumbi ijana bahuze ako karere mu kiringo c’imyaka itatu irangiye. Abagera ku bihumbi mirongo umunani na bitanu bakiri mur’ako karere bashobora kugeramirwa n’ugutana mu mitwe kwitezwe mu ndwi zir’imbere.
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe gutabara bimenyesha ko biriko bikorana n’abategetsi bo mu karere ka Hawija, hamwe n’amashirahamwe y’abagiraneza mu ntumbero y’ukwitegurira gutabara ibitigiri bitera vyiyongera vy’abantu bahunga.
Facebook Forum