Uko wahagera

Igihuhusi Maria Kibasiye Puerto Rico


Igihuhusi Maria casutse, iyindi mvura nyinshi muri Puerto Rico, inyuma yuko izimanganije umuyagankuba kur’iryo zinga ryose.

Ico gihuhusi catumye haba umwuzurane ukomeye mu bice bitari bike.

Igihuhusi Maria nico gihuhusi gikomeye cane kibaye muri Puerto Rico, intara ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kiringo c’imyaka igera kuri mirongo icenda.

Ivyononekaye ntibiramenyekana kubera uburyo bw’uguhanahana amakuru bwageramiwe n’igihuhusi Maria.

Abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe bahungiye mu bibanza bitari bike vyari vyetegekanijwe kubakira mu bice vyose vy’izinga rya Puerto Rico.

Abandi bantu binyegeje mu mazu yabo.

Mu bice bimwe bimwe igihuhusi Maria casutse imvura igera kuri centimetero mirongo umunani n’icenda, mu gihe imiyaga ikomeye cane yasenyuye ibiti bitwara intsinga z’umuyagankuba n’iminara y’amatelefone agendanwa n’amabati y’inzu.

Umwuzurane ukomeye cane wabandanije uno musi kau wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG