Uko wahagera

Trump Ahangayikishijwe n'Ibibera Muri Sudani y'epfo na RDC


Perezida Donald Trump mu mubonano n'abakuru b'igihugu vy'Afrika i New York, Sept. 20, 2017.
Perezida Donald Trump mu mubonano n'abakuru b'igihugu vy'Afrika i New York, Sept. 20, 2017.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, yabwiye abakuru b’ibihugu vy’Afrika ko agiye kuzorungika Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU nk’intumwa yiwe muri Sudani y’epfo na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Trump yagize ati "Turakurikiranira hafi kandi turababazwa n’ubwicanyi bubera muri Sudani y’epfo na Kongo,". Ivyo yabishikije kur’uyu wa gatatu ariko asangira n’abakuru b’ibihugu vy’Afrika I New York, ahasanzwe hariko habera inama y’abakuru b’ibihugu vyo kw’isi igira 72 itunganwa na ONU buri mwaka.

Trump yavuze ko Ambasaderi Haley azoganira ku bitera intambara mur'ivyo bihugu, umuti wayo hamwe n’icokorwa kugira bazikinge.

Sudani y’epfo imaze imyaka ine mu ntambara hagati y’abenegihugu, yatumye imiriyoni zine z’abanyagihugu ziteshwa izabo, mu gihe muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo naho hama habaye ugutana mu mitwe kandi har’amakenga y’aho igihugu kiriko kiraja mu gihe atawuzi nimba amatora y’umukuru w’igihugu azotunganywa.

Trump yavuze kandi ko bitandatu mu bihugu vyo kw'isi bifise umurindi munini mw’iterambere biri muri Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG