Uko wahagera

Uganda: Imyiyerekano Yiyamiriza Guhinyanyura Ibwirizwa Nshingiro Yabujijwe


Abajejwe umutekano ba Uganda mu gihe c'amatora y'Umukuru w'igihugu
Abajejwe umutekano ba Uganda mu gihe c'amatora y'Umukuru w'igihugu

Igiporisi ca Uganda kur'uyu wa gatatu carafashe ingingo yo guhagarika imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi itegekanijwe kur’uyu wa kane, ari naho umugambwe uri ku butegetsi ushikiriza inama nshingamateka ivyo wipfuza guhindura mw’ibwirizwa nshingiro.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ivyo biriko bikorwa kugira Perezida Yoweri Museveni agumizwe ku butegetsi.

Iryo hinyanyurwa ryerekeye guhindura agace kari mw'ibwirizwa shingiro kavuga ko umukuru w’igihugu muri Uganda yemerewe kurongora igihugu mu gihe aba afise imyaka iri hagati ya 35 na 75.

Museveni, ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1986, yatangaje ko ubu afise imyaka 73 y’amavuko, ibituma atemerewe kwongera kuzokwitoza mu matora yo muri 2021 mu kiringo kigira gatandatu.

Umukuru w’igiporisi ca Uganda, Kale Kayihura yatangaje ko iyo myiyerekano ibujijwe igamije gutera akajagari n’ubwicanyi, aca abasaba kuyigirira mu kibanza cugaye.

Igiporisi kandi kur'uyu wa gatatu carugarije inyubakwa ikoreramwo ishirahamwe ry’abagira neza b'abanyamahanga, Action Aid.

Mu kwezi kw’indwi, Action Aid Uganda ryagaragaje ko riteye kubiri n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rigamije gukurwamwo agace k’imyaka y’amavuko umukuru w’igihugu akwiye kuba afise kugira yemererwe gutwara.

Iryo shirahamwe ryavuze ko gukuraho iyo myaka y’amavuko kizoba ikintu kibi cane kuri Uganda no mu karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG