Uko wahagera

Amerika Irahangayikishijwe n’Ubwicanyi Bwakorewe Abarundi muri RDC


Impunzi z'Abarundi Zishwe Ziriko Zihambanwa Iteka mu Buseruko bwa Kongo
Impunzi z'Abarundi Zishwe Ziriko Zihambanwa Iteka mu Buseruko bwa Kongo

Reta zunze ubumwe z'Amerika ivuga kw’ihangayikishijwe n’amakuru y’ubwicanyi bwakozwe ku Barundi barenga 30 n’umusirikare umwe wa Kongo I Kamanyola mu buseruko bwa Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo kw’itariki ya 15 z’uku kwezi kw’icenda.

Ivyo Amerika yabishikirije mu rwandiko rwasohowe kur'uyu wa gatatu itariki 20 z’ukwezi kw’icenda, 2017.

Mur'urwo rwandiko Amerika ihamagarira reta ya Kongo gukorana n’ibiro vya ONU bijejwe impunzi kw’isi hamwe n’inteko zijejwe gucungera umutekano mur'ico gihugu gukora ibishoboka kugira icuka kibi kiri hagati y’impunzi z’Abarundi n’ababakiriye kihave.

Amerika ivuga kandi ko icatumye ubwo bwicanyi buba gitegerezwa kumenyekana kandi ababikoze bagakubitwa intahe mu gahanga.

Amerika isaba reta ya Kongo gucungera umutekano w’abanyagihugu kugira nti hagire ibindi bitero vyongera kuba kandi bagasaba ko abajejwe umutekano muri Kongo kudakoresha inguvu zirengeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG