Uko wahagera

Igihuhusi Maria Caribasiye Izinga rya Puerto Rico


Igihuhusi Maria kiriko kirabica biracika mubuseruko bwa Puerto Rico kuri uno musi wa gatatu. Abahinga bavuga kw’ico gihuhusi kiri kurugero rwa kane gikomeye cane kandi ko kigiye kuzanana imvura y’isegenya kigasenyagura imisozi.

Ibiro vya Amerika bijejwe gukurikiranira hafi ibihuhusi, bivuga kw’ico gihuhusi Maria kibaye icambere gikomeye cane kibaye kuri iryo zinga rya Puerto Rico. Cari kigizwe n’imvura nyinshi y’isegenya irimwo imiyaga ihinda kubirometero 280 kw’isaha.Abantu babandanya kugira amakenga menshi muturere turi hafi y’amazinga ya reta zunze ubumwe za Amerika. Aho ni mugihe ico gihuhusi caciye kurindi zinga ryitwa St. Croix.

Buramatari wa Puerto Rico kuri uyu musi wa gatatu yavuze ko atagukekeranya, ico gihuhusi kigiye kwonona bikomye ibintu bitari bike, hakurya kubutaka bwa Amerika bamaze gutegura ibibanza 500 vyo gutabara imbabare harimwo n’abaza guteshwa ingo biritezwe k’ico gihuhusi kiza kubandanirizako kuja muri Republique Dominicaine ejo kumusi wa kane kigatuma hagwayo imvura y’isegenya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG