Kuri uno musi wa gatatu, abajejwe ibikorwa vyo kurokora abaguye mu masanganya mu gisagara ca Mexique no mu turere two hafi y'aho, babandanije kurondera abantu bashobora kuba baguweko n'ivyo nyamugigima yo ku rugero rw’indwi n’igice yasenyaguye.
Aho ni mugihe iyo nyamugigima imaze guhitana abantu bashika kuri 225.
Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Miguel Osorio Chong, yavuze ko igisirikare ca Mexique kumwe n’igiporisi bagiye kubandanya ibikorwa vyo gutabara imbabare gushika aho batoye abantu bose boba bataritaba Imana.
Abanyagihugu bifatanije n’izo nzego z’umutekano mu gutabara imbabare, inyuma yaho iyo nyamugigima ibaye ejo ku musi wa kabiri.
Bagenda bakoresha ivyuma bikoma komeye ndetse bagakoresha n’iminwe mu kugerageza korondera abantu inyubakwa zishobora kuba zaguyeko.
Iyo nyamugigima yabaye neza na neza ku birometero 123 mu bumanuko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Mexico City.
Facebook Forum