Uko wahagera

Touadéra Asaba Iyongerezwa ry'Abasirikare ba ONU muri Centrafrika


Perezida wa Centrafrika, Faustin Archange Touadera mu nama ya ONU muri 2016.
Perezida wa Centrafrika, Faustin Archange Touadera mu nama ya ONU muri 2016.

Perezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra, kur’uyu wa kabiri yarasavye ko abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ba Minusca bari mu gihugu ciwe bongerezwa kugira babashe gucungera umutekano w’igihugu cose.

Avuga ko ONU yonyene ariyo ibishoboye kandi asaba amakungu kutibagira igihugu ciwe.

Touadéra yabishikirije ari I New York mu nama ya bose ihuza abakuru b’ibihugu vyo kw’isi. Mu gihe abasirikare ba ONU muri Centrafrika bashika ibihumbi 12, asaba bo bokwongerezwa ibindi bihumbi.

Centrafrika cinjiye mu ntambara y'abenegihugu mu mwaka w’2013 inyuma y’aho François Bozizé yahoze akirongoye akuriwe ku butegetsi. Imirwi y’abarwanyi ishika 15 niyo igenzura ibice bitari bike vy’igihugu, reta ya Touadera, yatowe mu mwaka w’2016 igenzura umurwa mukuru Bangui.

Umwe mu bategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aheruka kugabisha ko har’ibimenyetso vy’ihonyabwoko, nayo HCR igereranya ko gushika hagati y’ukwezi kw’icenda, abanyagihugu bateshejwe izabo barenga gato umuriyoni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG