Uko wahagera

Abarenga 100 Bishwe na Nyamugigima muri Mexique


Igorofa yabomowe na Nyamugigima, i Mexico City

Igihugu ca Mexique caratewe na nyamugigima ifise urugero rwa manyitide y’ibice 7.1 ku muhingamo wo ku musi wa kabiri, isenyura amagorofa, yica abantu bataramenyekana ibitigiri hamwe n’abandi bari mu bibomoke bataramenyekana.

Inyuma y’amasaha make bibaye reta hamwe n’abategetsi bo mu turere vyabereyemwo batangaje ko abapfuye barenga 100.

Abapfuye bavugwa mu karere kagizwe n’umurwa mukuru Mexico city , n’ama reta ahegereye ya Morelos, Puebla na Mexico.

Abatabara bafasha abarokotse nyamugigima
Abatabara bafasha abarokotse nyamugigima

Perezida Enrique Pena Nieto, yavuze ko amagorofa 27 yo mu gisagara Mexico City yasenyutse. Ibimenyeshamakuru vy’aho vyatangaje ko ivyononekaye ari vyinshi, umuyagankuba wacitse.

Abategetsi ba Mexique baciye bahagarika ibikorwa vyose ku kibuga c’indege mpuzamakungu kandi bugara n'amashure.

Iyo nyamugigima iteye mu gihe ata ndwi zibiri zari bwahere hateye iyindi yahitanye abarenga 90 mu bumanuko bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG