Uko wahagera

Umusirikare Umwe wa Monusco Yarishwe i Beni


Abasirikare ba Monusco bari kumwe n'abasirikare ba Kongo Kinshasa i Mavivi, hafi ya Beni, mu ntara ya Kivu y'uburaruko.

Umusirikare umwe yamuka muri Tanzaniya wo mu nteko za Monusco muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo yarishwe uwundi arakomereka, inyuma yo gutana mu mutwe n’umurwi w’abarwanyi mu buseruko bw’ico gihugu ku musi w’Imana.

Uwo musirikare yiciwe i Beni mu ntara ya Kivu y’uburaruko. Ivyo vyashikirijwe na Monusco kur’uyu wa mbere.

Monusco ivuga ko yari yaje gufasha mu gitero cagabwe n’abarwanyi b’umuhari wiyitirira kw’urwanira demokarasi, ADF ku kirindiro c’abasirikare ba reta ya Kongo (FARDC) kiri ku birometero 500 uvuye ahacumbitse inteko za Monusco.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, abicishije ku muvugizi wiwe yaneguye ubwo bwicanyi agasaba abategetsi ba Kongo gutanguza vuba amatohoza kugira ngo abagirwa bahanwe n’ubutungane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG