Uko wahagera

Amakungu Abona Gute Perezida Trump muri ONU?


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yateye akamo, uno musi ku wa mbere, kuko hofatwa ingingo zikomeye z’ugutunganya gushasha inzego z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Atangaza kw’ivyo vyoba mu ntumbero y’ugutuma iryo shirahamwe riba urwego rukomeye cane kurushiriza ku bijanye n’amahoro kw’isi.

Nirwo rugendo rwa mbere Perezida Trump agize ku cicaro c’ishirahamwe ONU, kuva ashikiye amabanga y’ukuyobora Amerika haheze amezi umunani. Yatangaje kw’umurengera w’abakozi muri ONU n’uburyo iryo shirahamwe rikora bituma ridashobora kurangura neza imirimo yaryo nkuko bitegerezwa.

Perezida Trump yatangaje ko barondera kw’ishirahamwe ONU risubira kwizigirwa n’amakungu. Avuga kandi kw’ishirahamwe ONU ritegerezwa gushindura uburyo rikora bwo muri kahise.

Perezida Trump yahayagije umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres kuba yashikirije imigambi igenewe guhindura uburyo iryo shirahamwe rirangura imirimo yaryo mu ntumbero y’ugukorera neza kurushiriza abantu bose riserukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG