Abantu cumi na bane bapfuye, igihe ikamyo yaseka bisi yari itwaye abantu bari bavuye mu bugeni mu gihugu ca Uganda. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi uno musi ku wa mbere. Abandi cumi n’indwi barakomereka.
Umuvugizi w’igipolisi ca Uganda, Phillip Mukasa yatangaje kw’ipine y’iyo kamyo yatobotse umudereva wayo bica biramunanira ko abandanya ayitumbereza mw’ibarabara, aca aseka bisi yari itwaye abantu bavuye mu bugeni.
Mu bapfuye, 12 ni Abatanzaniya bari batahutse mu gihugu cabo inyuma yuko bavuye mu bugeni ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala.
Iyo mpanuka yabereye kw’ibarabara riri hagati ya Kampala na Masaka, rikunda kuberako impanuka nyinshi z’imodoka.
Izo mpanuka ziva ku bikorwa bitunganywa nabi kur’iryo barabara, imodoka zitameze neza, n’ugutwara nabi imodoka.
Ku bw’igipolisi ca Uganda, abantu amajana atatu na mirongo umunani na babiri barapfuye mu mpanuka zabeye kw’ibarabara hagati ya Kampala na Masaka kuva mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.
Facebook Forum