Uko wahagera

Amerika Ishobora Kugabanya Intererano muri ONU


Sekreteri wa Reta w'Amerika, Rex Tillerson (Iburyo) ashikiriza inama muri ONU hambavu y'umunyamabanga wa ONU, Antonio Guterres
Sekreteri wa Reta w'Amerika, Rex Tillerson (Iburyo) ashikiriza inama muri ONU hambavu y'umunyamabanga wa ONU, Antonio Guterres

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi, HCR gishikiriza ko intererano Reta zunze ubumwe z’Amerika igiha ari kirumara.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru wa HCR, Filippo Grandi mu mubonano yagiranye na sekreteri wa reta w’Amerika, Rex Tillerson kur’uyu w’Imana ku cicaro ca ONU I New York.

Abo bategetsi babonanye, imbere y’inama rusangi ya buri mwaka igira 72 y’abakuru b’ibihugu itegekanijwe gutangura kuva kur’uyu wa mbere; inama Amerika itegekanya gusaba igabanywa ry’amafaranga ONU ikoresha, mu ntumbero yo kugabanya nayo intererano iyiha.

Uwo mutegetsi wa HCR, avuga ko haruhande y’intererano y’amafaranga isanzwe ifashisha ONU, Amerika ikora ibikorwa vyo kwitanga bitari bike kw’isi mur’ico gisata.

Mwomenya ko Reta zunze ubumwe z’Amerika, mu mwaka urangiye caje imbere y’ibindi bihugu kw’isi mu gutanga umuriyaridi 1,5 w’amadorari y’Abanyamerika ku miriyaridi 4 HCR yakoresheje uwo mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG