Uko wahagera

Abanyamerika 4 Basutsweko Ubumara m'Ubufaransa


Ku gitura ca gariyamoshi i Saint-Charles, mugisagara ca Marseille, m'Ubumanuko bw'Ubufaransa

Abanyamerika bane b’igitsina gore barasutweko ubumara bwa Acide kur’uyu w’Imana ku gituro ca gariyamoshi, mu gisagara ca Marseille m’Ubufaransa. Igiporisi co mur'ico gisagara kivuga ko atar’igitero c’iterabwoba.

Umugore w’imyaka 41 akekwa gukora iryo bara yarafashwe kumvo z’amatohoza.

Babiri mur’abo banyamerika nibo bivugwa ko bahiye cane mu maso. Bose uko ari bane bari mu myaka ya 20, baciye batwarwa mu bitaro kuvugwa.

Igiporisi ca Marseille nta myidondoro y'abo baturiwe catanze kiretse kuvuga ko bari m’Ubufaransa nka bamukerarugendo.

Ikinyamakuru c’Abafaransa “La Provence” candikira mur’ako karere kivuga ko abaporisi bavuze ko uwakoze iryo bara yar’afise uburwayi bwo mu mutwe, kandi ko inyuma yo kubasukako iyo Acide atigeze agerageza guhunga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG