Uko wahagera

Odinga Asaba Ihindurwa ry'Abagize Komisiyo y'Amatora


Raila Odinga umukuru w'urunani rw'abatavugarumwe na reta ya Kenya
Raila Odinga umukuru w'urunani rw'abatavugarumwe na reta ya Kenya

Umukuru w’abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya, Raila Odinga kur’uyu w’Imana yashikirije ko urunani arongoye ruzotunganya imyiyerekano ku rwego rw’igihugu igamije gusaba impinduka muri Komisiyo ijejwe amatora imbere y’itunganywa gusha ayandi matora y’umukuru w’igihugu m'ukwezi kuza.

Odinga gushika n’ubu aracahagaze aho yari ko bamwe mubagize komisiyo y’amatora babwirizwa guhindurwa kandi ko adahirahira yitaba ayandi matora atunganijwe n’umurwi werekanye ko uhengamiye k'uruhande rwa perezida Uhuru Kenyatta mu matora yabaye m’ukwezi kwa munani guheze.

Kimwe muvyo yipfuza vyohinduka n’ukubogoza bamwe mu bagize iyo komisiyo yagiriza ko bagize uruhara m’ubusuma bw’amajwi. Komisiyo y’amatora yashinze ko isubirwamwo ry’ayo matora riba kw’itariki ya 17 z’ukwezi kw’icumi.

Ivyo bivugwa uko mugihe Perezida Uhuru Kenyatta we avuga ko komisiyo y’amatora idakwiye guhindurwa kandi agabisha n’ubutungane kutavyivangamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG