Uko wahagera

Turukiya Iriyamiriza Amatora y'Intara ya Kurudistani-Iraki


Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, Binali Yildirim, yagabishije kur’uyu wa gatanu k’umugambi wo gutunganya kamarampaka k'ukwikukira kw’akarere ka kurdistani-Iraki ryar’ikosa rikomeye. Ni mu gihe Umukuru w’ako karere, Massoud Barzani, yahamagariye ayo matora kw’itariki ya mirongo ibiri na zitanu z’uku kwezi kw’icenda, mur’iyo ntara isanzwe isa n’iyigenga.

Igihugu ca Turukiya, gihana urubibe n’iyo ntara, gisanzwe gifitaniye ubucuti na Barzani, yamara caragerageje uburyo bwose gihagarika ayo matora. Mu gihe hasigaye iminsi cumi gusa ngo ayo matora abe, Yildirim yasavye Masoud, kur’uyu wa gatanu, ko yokosora iryo kosa agifise umwanya wo kurikosora.

Iryo gabishwa ribaye inyuma y’iminsi mike Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Turukiya n’ayandi makungu, Mevlut Cavusoglu atangaje ko aba kurde bazokwishura ico gikorwa c’amatora. Amakenga ya Turukiya agaturuka ko umurwi w’aba kurde b’abanyesiriya, basanzwe baba k’umupaka wa Turukiya, nabo bazohava basaba kwikukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG