Uko wahagera

Amerika n'abo Bicuditse ngo Nta Bwoba Batewe na Koreya ya Ruguru


Prezida Donald Trump wa Amerika

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yishuye ku bijanye n’igitero ca nyuma ca misile, cakozwe na Koreya ya Ruguru, aho yatangaje ko Amerika n’ibihugu bicuditse hamwe nayo bitazoterwa ubwoba n’ivyo bitero.

Prezida Trump yatangaje kandi ko amasaha Koreya ya Ruguru yakoreyeko ico gitero agaragaza uburyo ico gihugu gisuzugura ibihugu bibanyi vyaco hamwe n’amakungu. Mu gitondo co kur’uyu wa gatanu, Ishirahamwe OTAN ryari yateye akamo ko amakungu yohagurukira hamwe kugira yiyamiriza ivyo bitero vya misile bikorwa na Koreya ya Ruguru.

Kur'uyu wa gatanu, inama y’umutekano ya ONU yabonanye m’umwiherero, imbere y’uko isohora itangazo ryo kwiyamiriza ibitero yise kw’ari ivy’agasotoro, yongera itera akamo Koreya ya Ruguru kugabanya uruhagarara mu karere ka Aziya.

Rex Tillerson, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu yateye akamo k’uko Koreya ya Ruguru yofatirwa ibindi bihano, yongera avuga ko ivyo ibitero bituma imigenderanire ya Koreya ya Ruguru n’ayandi makungu itosekara kurusha, kandi ko bibangamira ubutunzi bw’ico gihugu. Uwundi yasavye ko Koreya ya Ruguru yokwongererezwa ibihano ni Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG