Uko wahagera

Ibiganiro ku Biringo vy'Umukuru w'Igihugu muri Togo


Abayoboke ba perezida, Faure Gnassingbé muri Togo
Abayoboke ba perezida, Faure Gnassingbé muri Togo

Abanyamategeko mu gihugu ca Togo, kuri uno wa gatanu biriwe baraca irya n’ino ibiringo umukuru w’ico gihugu atabwirizwa kurenza ku butegetsi.

Ni inyuma y’imisi mike abanyagihugu bihaye amabarabara y’umurwa mukuru Lomé basaba perezida Faure Gnassingbé kwegura.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Togo, basaba ahanini isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro, abanye Togo baba hanze y’igihugu bakaronswa uburenganzira bwo gutora, ibiringo umukuru w’igihugu ntibirenge bibiri, ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu naryo rigasubirwamwo.

Mugihe abategetsi ba Togo bakomeje guhumuriza abanyagihugu ko biteguriye kuganira kuri ivyo bibazo vyose, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigabisha ko hashobora kwaduka imvururu zifatiye kukudahuriza ku biringo umukuru w’igihugu ca Togo atorenza ku butegetsi.

Igihugu ca Togo, kimaze imyaka 50 kiramutswa umuryango umwe. Bamwe mu banyagihugu bari mu myiyerekano mu ndwi iheze, bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bagize bati: “Iyo myaka yose dutwarwa n’umuryango umwe irakwiye”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG